UK:Mitchell arabazwa ku nfashanyo yahaye Urwanda

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:12 GMT

Andrew Mitchell

Andrew Mitchell yasobanuye impamvu zatumye atanga miliyoni 25 z'ama dollars z'infashanyo ku Rwanda, umunsi umwe gusa imbere yo gusubirizwa mu mabanga yiwe yo kuyobora DFID.

Ayo mafaranga yari yabaye arafatirwa kubera Urwanda rwarerwa gufata mu mugongo umurwi M23 urwanya leta ya Congo.

Ariko Andrew Mitchell yabawiye umurwi washizweho n'inama nshingamateka gutohoza kur'ico kibazo, ko guhindura iyo ngingo ari icemezo cafatiwe ku rwego rumukurira.

Yavuze ko ari igitutsi kubona bibaza ko umushikiranganji ataco yibanga yofata ingingo yo kwadika cheque yibereye mu myambaro yo mu gitanda, akayihereza abategetsi badakwiye kwizerwa.

Bwana Mitchell yavuze kandi ko gufatira ayo mafaranga vyari gutuma abana b'ababakobwa benshi mu Rwanda bava mu mashure.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.