Espagne:banki zahagaritse gusohora abatariha amazu

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:23 GMT

ban

Abantu badashoboye kuriha ingurane ku mazu yabo muri Espagne ntibazosubira gusohorwa mu kiringo c'imyaka ibiri iri imbere.

Amabanki yakomeje guhatwa guhagarika igikorwa co gusohora abatse ingurane ku mazu badashoboye kuriha, inyuma y'aho umugore yagize iyo ngorane yiyahuriye.

Uwo mugore yahengereye ku munsi wa gatanu abajejwe akarere yabamwo baje ku musohora, akoroka avuye ku gisenge kigira kane uja hejuru mw'igorofa yabamwo.

Imiryango iharurwa mu 300 000 yarambuwe amazu kuva aho isoko ry'amazu muri Espagne ritanguriye kurwa mu mwaka wa 2008

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.