Ubushinwa buronse umukuru mushasha

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:17 GMT
Xi Jinping

Umukuru mushasha w'Ubushinwa, Xi Jinping

Ubushinwa bwaronse indongonzi nshasha, uwo akaba ari Xi Jinping agiye kurongora ico gihugu mu myaka 10 iri imbere.

Xi Jinping afise imyaka 59 y'amavuka asubiriye Hu Jintao.

Ku ntwaro yiwe Ubushinwa bukaba bwaranzwe n'iterambere ry'igitangaza mu butunzi.

Ariko iryo terambere ntiryashikiriye bose.

Ryatumye abatunze babadanya gutunga kuruta ,abakene nabo bakena kuruta , ritera ibibazo bikomeye ku bidukikije, rituma haba imyidogo mu bantu kubera ubwo busumbane hamwe n'ukurya ibiturire.

Ivyo biri mu bibazo bihambaye birindiriye uwo mutegetsi mushasha w'igihugu ca mbere kibamwo abantu benshi kw'isi.

Abashinwa barenga miliardi imwe na milioni amajana atatu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.