Ebola yasubiye kwaduka muri Uganda

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:43 GMT
Imigera ya Ebola

90% mu bafashwe na Ebola barapfa

Muri Uganda abantu nibura babiri bamaze guhitanwa n'indwara ya Ebola iherutse kwaduka ahitwa Luweero ku bilometero 60 uvuye ku murwa mukuru Kampala, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu.

Christine Ondoa yavuze ko abantu babiri bo mu muryango umwe bapfuye mu mpera z'indwi iheze ahantu hatari kure y'umurwa mukuru -bakaba bikeka ko umuntu agira gatatu nawe nyene ashobora kuba yahitanwe n'iyo ndwara nyene muri ako karere.

Abantu bashika 17 barahitanywe n'iyo ndwara igihe yaheruka kwaduka mu kwezi kw'iindwi.

Ku bw'ishirahamwe ry'abagiraneza Medecins Sans Frontieres(MSF), nta bari bwafatwe n'iyo ndwara kuva mu kwezi kw'umunani.

Muganga Ondoa yavuze ko amatohoza yashitse ku vyemezo ko Ebola yashitse muri Luweero ku bilometero 60 uvuye ku murwa mukuru Kampala.

Hari umuntu agira gatatu yapfuye muri ako karere afise ibimenyetso vya Ebola ariko kubera ata bipimo yafashwe ivyiwe ntivyigeze bimenyeshwa abajejwe amagara y'abantu.

Batanu mu bakoze kuri abo bapfuye ubu bariko barakurikiranwa.

Babiri muri abo ubu bari mu kibanza ca bonyene mu bitaro bikuru vya kampala vya Mulago, nk'uko uwo mushikiranganji abivuga. Gushika ubu nta muti wa Ebola uriho ariko abafashwe barahabwa imiti ya antibiotiques hamwe n'iyo kubagabanurira ububabare kugirango umubiri wabo ushobore kwigwanako kuruta.

90% y'abafashwe na Ebolsa barapfa.

Muganga Ondoa avuga ko Ebola ari indwara yica vuba ariko ishobora kwirindwa.

Mu mpanuro atanga harimwo:

-kwirinda guhurira hamwe muri abantu benshi nko ku maziko

-guhamba buno nyene uwuhitanywe n'iyo ndwara muhagarikiwe m'abajejwe amahara y'abantu.

-kwirinda gukora ku wahitanywe na Ebola mu gukoresha ubumwanya bufuka intoke no mu maso

-gupompa aharyamye uwurwaye Ebola

-kwirinda kurya ibikoko vyapfuye na cane cane inkende.

Ebola imaze kwaduka akatari gake muri Uganda muri iyi myaka 12 iheze.

Aho yahitanye abantu benshi ni mu 2000 igihe yafata abantu 425.

Igice cabo barapfuye.

Umunyamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga avuga ko abanyeUganda bibaza igituma igihugu cabo gikarirwa n'idwara ya Ebola.

Abategetsi mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu bavuga ko ari ukukebera basigaye bafise uburyo bwo kumenya vuba ko yadutse.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.