M23 yafashe umuji wa Sake

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:30 GMT
Umuvugizi wa M23 Lt Col J M Vianney Kazarama abwira abantu i Goma ko M23 izoshika i Kinshasa

Umuvugizi wa M23 Lt Col J M Vianney Kazarama abwira abantu i Goma ko M23 izoshika i Kinshasa

Abarwanyi ba M23 mu buseruko bwa Kongo bafashe umuji wa Sake uri hafi y'u Rwanda nyuma y'aho bafatiye Goma ejo.

Umunyamakuru w'Umudage yitwa Simone Schilndwein ari i Sake yavuze ko uwo muji wafashwe na M23 ata rusoro na rumwe rurashwe.

Umuvugizi wa M23, Lt Col Jean Marie Vianney Kazarama, yabariye isinzi ry'abantu kuri stade ya Goma ko bazobandanya ibitero gushika ku muji wa Kinshasa.

Hagati aho umukuru w'igihugu wa Kongo, Joseph Kabila n'uw'u Rwanda, Paul Kagame, bari mu biganiro vyihutirwa ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.