Kabila na Kagame baganiriye ku kibazo ca Goma

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:32 GMT
Prezida Joseph Kabila na Prezida Paul Kagame aho bahurira i New York n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon mu kwezi kw'icenda

Prezida Joseph Kabila na Prezida Paul Kagame aho bahurira i New York n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon mu kwezi kw'icenda

Abajejwe intwaro muri Uganda bavuga ko Prezida Joseph Kabila wa Kongo na Paul Kagama w'u Rwanda bahuye bakavugana ku kibazo c'intambara iri mu buseruko bwa Kongo.

Uwo mubonano w'amasaha abiri wabanye nyuma y'aho abarwanyi ba M23 bafatiye umuji wa Goma.

Abo barwanyi bivugwa ko bafashwe mu mugongo n'u Rwanda, bavuga ko biteguriye kubandanya gushika ku murwa mukuru Kinshasa, babohore igihugu.

Umugwi w'umuryango mpuzamakungu ONU ujewe umutekano wiyamirije wivuye inyuma ifatwa ry'umuji wa Goma n'abo barwanyi.

Mu gitongo c'uno munsi mu muji wa Bukavu uri mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, amangazini ntiyuguruye mu gihe hazindutse imyiyerekano y'abanyagihugu baho, biyamiriza ifatwa ry'umuji wa Goma.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.