Prezida Kabila: "Nshobora kuvugana na M23"

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 18:49 GMT
Prezida Joseph Kabila

Prezida Joseph Kabila

Umukuru wa rebublika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Joseph Kabila, yavuze ko yiteguriye kwumviriza ibibazo vya M23 yigaruriye umuji wa Goma ejo kuwa kabiri.

Bwana Kabila asanzwe ari muri Uganda mu biganiro n'abakuru b'u Rwanda na Uganda, yavuze ko azokwihweza ivyo kuganiro n'uwo mugwi.

Umukuru w'igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, yavuze ko abarwanyi ba M23 batavuye mu muji wa Goma, ngo bazobona ico yise inguvu z'akarere kose.

Umuryango mpuzamakungu ONU uvuga ko u Rwanda ruha imfashanyo y'igisirikare abarwanyi ba M23, ariko ivyo u Rwanda rurabihakana.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.