Msri:imyiyerekano yerekeye president Mursi

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:51 GMT

President Mohamed Mursi

Mu gihe ibiro vy'umugambwe Muslim Brotherhood vyaturirwa, hari n'imyiyerekano yo gushigikira president Mursi yaraye afashe ingingo yo kwigarurira ububasha gushasha mw'ijoro ryakeye.

Abamushigikiye bavuga ko ubwo bubasha yihaye ar'infatakibanza kandi ko abukeneye mu gukingira amahinduka yakuye ku butegetsi Hosni Mubarak umwaka uheze.

Mugabo iyindi mirwi idashigikiye amahinduka avuga kw'ubwo bubasha president yihaye, kandi avuga ko adashobora kubazwako n'ubutungane, bwerekana intango y'intwaro y'igikenye.

Kudahuza hagati y'imirwi y'ba islam n'iyindi mirwi ya politique mu Msri, kwatumye badashobora gutegura ibwirizwa nshingiro ryobafasha kuyobora igihugu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.