Abacamanza mu Misiri biyamirije Mohammed Mursi

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:08 GMT
Umukuru w'igihugu wa Misiri, Mohammed Morsi

Umukuru w'igihugu wa Misiri, Mohammed Morsi

Abacamanza bakuru mu Misiri bagirije umukuru w'igihugu Mohammed Mursi kuba yifatiye mu gahanga ubucamanza ku buryo bw'akataraboneka.

Umukuru w'igihugu Mursi yashizeko itegeko muri ino ndwi rimuha ububasha bushasha bw'ikirenga.

Iryo tegeko ribuza sentare iyo ariyo yose gufuta inama nshingamateka, ubu iyo nama ikaba iriko irategura ibwirizwa shingiro rishasha.

Iryo tegeko ryashizweko kuwa Kane ryateje imigumuko, ibiro bimwe bimwe vy'umugambwe Muslim Brotherhood wa bwana Mursi, biraturirwa.

Bwana Mursi avuga ko ivyo yabigize kugira akingire amahinduka yabaye.

Urwandiko rwasohowe n'inama nkuru y'ubucamanza ruhamagarira bwana Mursi gukura muri iryo tegeko ico cose gihonyora ububasha bw'abacamanza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.