Misiri:prezida Morsi aravugana n'abacamanza

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 12:36 GMT
Misiri

Ubuabsha prezida Morsi yihaye bwatumye haba imyiyerekano irimwo intureka yo kubwiyamiriza

Umukuru w'iguhugu wa Misiri (Egypte) arabonana n'abacamanza kugira arabe ko yotururuza ikibazo yateye mu kwiha ububasha bw'ikirenga ata n'umwe ashobora kuvuguruza.

Ingingo yo kwiha ubwo bubasha yasohotse ku wa kane uheze ica ituma haba imyiyerekano y'intureka yom kuvyiyamiriza mu gihugu cose , amasoko y'ivyashara mu gihugu nayo aca atakaza 9% y'agaciro.

Prezida Morsi yavuze ku wa mungu ko iyo ngingo ari iy'igihe gito gusa kandi ko adafise intumbero yo gushira ububasha bwose mu maboko yiwe.

Yiyemeje kurondera ''aho bohuriza'' n'iyindi migambwe nk'uko yabivuze.

Yizigiye kandi gushiika ku mwumvikano kw'ibwirizwa nshingiro rishasha ririko rirategurwa, akaba yasigiye ko iyo ngingo yari iyo inzego zatowe mu nzira ya demokrasi ntizihungabane.

Urwego rw'abacamanza mu gihugu cose rwahamagaje yegereyegere mu gihugu kugira rwiyamirize izo ngingo mu mpera z'indwi iheze.

N'ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru rivuga ko rishobora kuja muri yegereyegere kugira ryiyamirize iyo ngingo.

Ariko urwego rukuru rw'ubucamanza, rusa n'urutanse iyo ngingo rusigura ko yokora gusa ku bibazo vyerekeye gukingira igihugu ruca rusaba abacamanza gusubira ku kazi.

Ministre w'ubutungane Ahmed Mekky yatanguye kugerageza kwumvikanisha umukuru w'igihugu n'abacamanza.

KU bw'iyo ngingo y'umukuru w'igihugu, nta n'unwe ashobora kuvuguruza ingingo zifashwe n'umukuru w'igihugu.

Kuri uyu wa kabiri hategekanijwe imyiyerekano ikomeye y'abashigikiye n'abadashigikiye umukuru w'igihugu.

Umugabwe wiwe wa Freres Musulans wahamagaje imyiyerekano ya milioni imwe y'abantu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.