Atma: akaga ku mpunzi z'abanyesyria muri Turkia

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 17:33 GMT
Syrian refugees

Ikambi y'impunzi z'abanyesyria muri Turkia

Uhagaze kure, ubona ikambi ya Atma ari nziza: amahema yera adondekanye ku musozi wumye, n'ibiti vya olive bitotahaye biri ku murongo.

Uyegereye, n'agaheza. Imvura yari ihejeje kugwa. Abagore bariko babumbabuma ivu bagerageze kubuza amazi kubatera mu mahema. Ku musozi hejuru abantu bagwana n'ukuguma aho bari kuko baguma banyerera batwarwa n'ivyondo bivanze n'umwanda. Umugore umwe ati: ''amakungu yose arabona ibiriko birabera ngaha. Hari n'umwe yafashije?''

Yari arakajwe n'uko abandi bamenyeshamakuru b'abanyamahanga bari aho bafata amasanamu.

Ku bwiwe yabona ko ataco bishobora guhindura.

Uwundi mugore ati: ''ntitugira imisarani, nta mazi, nta vyo kurya'', mubona ibi bintu bikwiye kubandanya gutya?Mumaze imyaka ibiri mubiraba uko nyene. Mwebwe abanyabulaya mwese mushigikiye Bashar al Assad''.


Ibihugu vya Bulaya vyarasavye prezida Bashar al Assad kuva ku butegetsi. Ariko ''igihe ca Kossovo'' ntikirashika-aho amasanamu y'abantu bashonje kandi bishwe n'imbeho mu gahinga yatuma amakungu agomora ingabo.

Ibitigiri nivyo biteye agahinda: abantu milioni 2.5 bateshejwe izabo mu gihugu hagati ; 400.000 bahungiye mu bihugu bibanyi ; ibihumbi 11 bajabuka umupaka ku munsi ku munsi. Kandi iyo bitigiri bitangwa na Croissant Rouge na ONU bishobora kuba biri munsi y'ibitigiri vy'ukuri.

Ariko gushika ubu benshi mu bahunga iyo ntambara ntushoka ubabona kuko bashikiye mu mihana y'incuti n'abagenzi ahandi muri Syria canke canke mu bihugu bibanyi.

Atma, n'ubwo ibabaje kubona, isa n'uko ari nto. Ariko ishobora kwaguka. Ivyo birahambaye kuho ibintu vyerekeza muri Syria.

Nk'uko umwe mu bategetsi bw'Ubwongereza yabimbwiye, ''amasanamu y'impunzi ziri mu kaga ashobora gutuma hari igikozwe''.

ONU yibaza ko igitigiri c'abanyesyria bahungira hanze kizoshobora kuba cashitse ku 700.000 mu mpera z'umwaka. Igihugu kibanyi ca Turkia, n'ubwo gifasha cane izo mpunzi, nta zindi gishaka kwakira, ubu mbere kikaba hari abo gisigaye cankira kwinjira.

Ku miryango myinshi yabuze ayo icira n'ayo imira mu kwimuka iva mu kigwati ija mu kindi , Atma niyo ntambwe ya nyuma imbere yo kujabuka muri Turkia.

Amahema ari hejuru ku musozi araba uruhome rw'urubibe. Abantu bagerageza kwigirwa kure y'intambara hashoboka, bakaba batarota gusubira inyuma. Benshi baciye mu bihe bibi cane.

Mu mugwi umwe w'amahema, twahanze abacitse kw'icumu muri Kfar Obeid. Abantu 110 canke bashobora kuba barenga bivugwa ko bishwe n'ingabo za leta aho hantu mu kwezi kwa 12 mu 2011.

'' Barakubuye ikigwati cose'', nk'uko bivugwa na Samira Khaled w'imyaka 45, yahaburiye basazawe bane.

''Igihe twariko turaririra abacu, baciye baturasa mu birenge bavuga ngo ''mwa ngurube mwe , twabateguriye ivyo murya ku mugoroba''.


Yabandanije amasozi ariko arakoroka ati:

''Tuje he? Tuje he?Abanyesyria bose bariko baricwa. Dusaba imana gusambura Bashar. Dusaba amakungu gufasha. Ku bana bacu muri iyi mvura, muri iki gihe c'ikirere kibi, dutegerezwa gutsinda, Islam itegerezwa gutsinda''.

Uwo mutegetsi w'umwongereza yambwiye ko amasanamu y'impunzi kuri television ashobora kugira ico ahinduye yongeyeko ati:

''niba ivyo bishobora gutuma harungikwayo imfahanyo ku bari mu kaga gusa canke niba hari ingingo za gisirikare zishobora gufatwa, ivyo ahanini biva ku banya Amerika''.

Leta zunze ubumwe za Amerika ziguma ziterwa amakenga ko guha ibigwanisho inyeshamba- canke kurungikayo ingabo-ico bifasha gusa ari ugukomantaza umutima w'banye Syria batihanganira abandi. Ntivyaje bifasha aho ku dwi iheze inyeshamba zimenyeshereje ko zigwana kugira zishinge leta ya ki Islam.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.