Rwanda: Ubwongereza buruhagarikiye imfashanyo

Ibiherutse kuvugururwa: 30 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 13:53 GMT
Pound Sterling

Ku kwezi kuza Ubwongereza bwohaye Urwanda miliyoni 21 z'ama Pound.

Ubwomgereza bwahagaritse imfashanyo bwahora buha Urwanda buvuga ko ari ukubera Urwanda rushigikiye abitwaza ibigwanisho bagwanya leta ya Congo Kinshasa.

Ubwongereza bwongereje kandi imfashanyo buha Congo kugira bufashe abantu ibihumbi n'ibihumbi bari mu kaga na cane cane kuva aho abagwanyi b'inyeshamba bafatiye uturere dushasha mu buseruko bw'ico gihugu.

Igisata kijejwe iterambere mpuzamakungu DFID cavuze ko kitazotanga milioni 21 z'ama pound (ayarenga $30.000.000) cohaye Urwanda mu kwezi kuza.

Ivyo ngo bitumwe n'uko hari ibimenyetso vyo kwizigira vyerekana ko Urwanda rufise uruhara mu ntambara iriko irabera muri Congo.

Intambara zasubiye kwaduka mu buseruko bwa Congo zatumye abantu ibnihumbi n'ibimbi bata izabo ubu bakaba batagira aho bakika umusaya.

Hagati aho Ubwongereza bwadugije milioni 18 z'ama pound (ayarenga $27.000.000) ku mfashanyo bwari busanzwe buha Congo kugira ifashe abo bateshejwe izabo.

N'ubwo izo ngingo zizoshavuza abategetsi b'Urwanda zikanezereza aba Congo, nta kinini zishobora kuzogira mu guharika iyo ntambara.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.