Palestina: indorerezi muri ONU

Ibiherutse kuvugururwa: 30 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:49 GMT
Gaza celebrations

Umunezero ni wose muri Gaza na Cisjordanie

Mu ntara za Cisjjordnie na Gaza abanyepalestina baraye kandi bazindutse mu minsi mikuru nyuma y'aho ishirahamwe mpuzamakun gu ONU ridugirije igihagararo ca Palestina muri uwo muryango.

Inama ya bose ya ONU yashigikiye ku majwi menshi cane ivyasabwa n'abanyepalestina vyo guhabwa ububasha bwo kuba igihugu c'indorerezi muri iryo shirahamwe.

Umukuru wa Palestina Mahmoud Abbas yavuze ko ari igihe kitazokwibagirwa.

Ariko umuvugizi wa leta ya Israel Mark Regev yavuze ko ivyaraye vyemejwe ataco bigiye gufasha umugambi w'amahoro hagati y'abayahudi n'abanyepaestina.

Leta zunze ubumwe za Amerika na Israel vyari mu bihugu icenda vyahakanye iyo ngingo.

N'ubwo ari nk'ikimemenyetso, ico gihagararo kiraha Palestina Uburenganzira bwo kuja mu nzegoza ONU nka zentare mpuzamakungu mpanavyaha.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.