Misiri: Sentare y'ibwirizwa shingiro yabujijwe guhura

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 12:10 GMT
Abashigikiye bwana Morsi i Cairo

Abashigikiye bwana Morsi i Cairo

Abashigikiye umukuru wa Misiri, Mohammed Morsi, bagize imyiyerekano babuza sentare y'ibwirizwa shingiro guhura i Cairo ngo iganire ku bwirizwa shingiro rishasha.

Amajana y'abantu baje mu myiyerekano ngo bagerageze kubuza ko iyo sentare igira ico inenga ku bijanye n'ugukurikiza amatego kw'integuro y'ibwirizwa shingiro rishasha.

Umukuru w'igihugu Mohammed Morsi yavuze ko amatora ya kamarampaka kuri iyo nteguro azoba itariki 15.

Abatavuga rumwe nawe bavuga ko iryo bwirizwa shingiro rishasha rihonyora uburenganzira busanzwe.

Ibi vyabaye kuri uyu wa Mungu vyiyongeye ku kundi guhangana kumaze iminsi hagati ya bwana Morsi n'aba Muslim Brotherhood bamushigikiye ku ruhande rumwe, hamwe n'abanye politike bategamiye ku madini n'abacambanza ku rundi ruhande.

Bwana Morsi yashizeko itegeko rimuha ububasha bw'ikirenga ku tariki 22 z'ukwezi guheze, yaka abacamanza ububasha bwo kumuvuguruza, rero ico sentare nkuru y'ibwirizwa shingiro ishobora gukora ntigisigutse neza.

Ariki abihweza utuntu n'utundi bavuga ko ingingo iyo ariyo yose yiyamiriza ingingo za Morsi yofatwa n'iyo sentare, yoba ari ikimenyetso co guhangana nawe kandi vyoha ingoga abo batavuga rumwe zo kumubwiriza gufuta itegeka yashizeko.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.