Burundi:abazotegura amatora yo mu 2015

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 17:53 GMT
Bdi elections

Imgambwe itavuga rumwe na leta ntiyashinye ingene amatora yatunganijwe mu 2010

Pierre Claver Ndayicariye yasubiye kugenwa ngo azotegure amatora yo mu 2015.

Niwe yari arongoye umugwi CENI wateguye ayo mu 2010.

Uwundi yagarutse ni Prosper Ntahorwamiye, yari ajejwe kumenyesha amakuru akaba n'umuvugizi wa CENI.

Bandi batatu ni bashasha.

Amazina yabo yemejwe n'inama nshingamateka na nkenguzamateka kuri uyu wa kabiri.

Mu kwezi guheze imigambwe iserukiwe yari yanan=iranye kwumvikana kuri ayo mazina, umugambwe UPRONA ukaba utashaka ko Ndayicariye agaruka, icatumye uhindura ubu wemera kikaba kitaramenyekana.

Frederci Bamvuginyumira wo mu mugambwe Sahwanya Frodebu urongoye utunani rw'iyitavuga rumwe n'ubutegetsi avuga ko udashobora kuja mu rukino uwo mukina ariwe yitoreye uwuruhagarikira.

Aho agashaka kuvuga ko imigambwe yabo itagishijwe inama mu kugena abo bazotegura amatora yo 2015.

Imigambwe myinshi itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi mu Burundi ntiyarangije amatora yo mu 2010 kubera mahinyu yavuze ko yari hyaranze ay'ama communes yahereweko.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.