Miliyoni 2 z'abana zihatirwa gukora

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 14:43 GMT
Abana bakora

Abana bakora

Mu cegeranyo ca nyuma giheruka gusohoka, abana bababa imiliyoni amajana abiri na cumi na zitanu bafise imyaka iri hagati y’itanu n’indwi bakoreshwa ku nguvu.

Bamwe muribo baragerageza kuja mw’ishule, ariko abashika imiliyoni cumi na zitanu ntibiga. Hari amakuru aremesha.

Muri rusangi igitigiri c’abana bakoreshwa ku nguvu caragabanutse ariko si cane.

Ibitigiri bitangwa kuri Afrika iri musi y’umurongo wa Sahara vyo birateye amakenga.

Ico cegeranyo kivuga kw’icakane c’abana bo murako karere bakoreshwa ku nguvu, kandi ngwico gitigiri gishobora kwiyongera gushika ku miliyoni cumi na zitanu mu myaka cumi iri imbere.

Ku musi wa gatandatu, abana 14 bararokowe hafi y’umugwa mukuru w’ubuhindi, Delhi bariko barakora ibisharizo vya noel.

Bamwe muribo bari bafise imyaka umunani. Ico cegeranyo gisaba leta y’ubuhindi kwemeza itegeko riri mu nama nshingamateka ryokwihanikiza gukoresha abana bafise imyaka iri musi ya 14.

Ico cegeranyo kivuga ko kw’isi yose, abana barenga umuliyoni, benshi bafise imyaka 12, bakoreshwa mu gucukura amabuye y’agaciro nk’inzahabu, ifeza n’ibindi.

Abashika imiliyoni zibiri bakora mu mirima y’inazi muri Afrika y’uburengero.

Abashika imiliyoni 30 bagakoreshwa mu mazu nk’ababoyi n’abayaya, benshi muribo bakaba bakunze gukubitwa n’ugufatwa ku nguvu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.