Abiyamiriza perezida wa Msri bakuwe ku kirimba

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 13:43 GMT

Abasirikare ba Msri bazitije intsinga z'amahwa bashira n'igifaro imbere y'ikirimba.

Abajejwe gucungera ubuzima bw'umukuru w'igihugu ca Msri bari bahaye abaje gukorera imyiyerekano ku kirimba ikiringo ntarengwa.

Ico kiringo cari catanzwe inyuma y'inama yahuje perezida Morsi ubwiwe n'abakuru b'ingabo.

Vyaje bikurikira gutana mu mitwe hagati y'abashigikiye n'abarwanya perezida Mohammed Morsi, aho batanu bahasize ubuzima nayo abagera ku 600 bagakomereka.

Perezida Morsi biteze ko ahava ashikiriza ijambo abanyagihugu uyu munsi.

Urwego rukuru rwa islam mu gihugu Al-Azhar, rusaba perezida Morsi kwisubirako ku ngingo yafashe yo kwigarurira ubutegetsi, yatumye hongera kuba imyiyerekano.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.