Misiri: impaka zirakomeza

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 18:07 GMT
Tahrir square

Abatavuga rumwe na Prezida Morsi bamaze indwi zibiri badasiba imyiyerekano

Mu Misiri abari mu myiyerekano bamenye uruzitiro igisirikare cari cashinze kugira kibabuze gushika ku kirimba c'umukuru w'igihugu.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bari bahuriye muri ico kibanza bamaze kwanka akamo ko k'ibiganiro katewe na Prezida Morsi kugira barondera umuti w'ingorane zatewe n'ingingo yiwe yo kwiha ububasha bw'ikirenga.

Abarongoye imigambqwe itavuga rumwe n'umukuru w'igihugu bavuga ko ata na kimwe yemeye guheba haha kuri iyo ngingo haba no kurungika integuro y'ibwirizwa nshingiro muri kamarampaka.

Abnashigikiye umukuru w'igihugu bavuze ko bazokwihora abakeba babo igihe bariko barasezera abantu babiri bapfuye mu ntureka yo muri iyi ndwi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.