SADC iriga ikibazo ca Congo

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 15:55 GMT
SADC

Abakuru b'ibihugu vya SADC baheruka guhura mu kwezi kw'umunani

I Dar es Salaam muri Tanzania hariko harabera inama y'abakuru b'ibihugu vy'ishirahamwe ry'ihugu vyo muri Afrika y'ubumanuko,aho ikibazo ca Republika iharanila demokrasi ya Congo ari kimwe mu biteganijwe kwigwa.

Iyo inama iteganijwe kurangira kuri uyu wa gatandatu yitabwe n'abakuru ba Tanzania, Africa y'epfohamwe na Zambia.

Uganda ntiri mu bihugu bigize SADC ariko umukuru w'ico gihugu Yoweri Kaguta Museveni ywtumiwe muri iyo nama.

Aja kuyisigurira ibibanye n'ikibazo c'intambara muri Congo, Prezida Museveni akaba ariwe arongoye inama y'ibihugu vy'akarere k'ibiyaga bini iriko iragerageza gutorera umuti iyo ntambara.

Mbere ibiganiro vyo kurondera uwo vyari bitegakanijwe gutangura kuri uyu wa gatanu nyene ku murwa mukuru wa Uganda Kampala.

SADC igizwe n'ibihugu kuva kuri Congo Kinshasa na Tanzania umanuka gushika kuri Africa y'epfo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.