Misiri: Igisirikare "ntikizoreka igihugu ngo kigwe mu rudubi"

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 17:54 GMT
Igisirikare ca Misiri i Cairo

Igisirikare ca Misiri i Cairo

Igisirikare ca Misiri casavye ko haba ibiganiro ku kibazo c'ububasha bw'ikirenga prezida Morsi yihaye, kivuga ko kitazoreka ngo igihugu kigwe mu manga.

Mu rwandiko rwa mbere igisirikare ca misiri gishize ahabona kuva imigumuko itanguye, kivuga ko kizokingira inzego za leta hamwe n'inzira karengane.

Ibi bibaye mu gihe imyiyerekano yabandanije imbere y'ingoro y'umukuru w'igihugu i Cairo.

Abatavuga rumwe na leta biyamirije ibiganiro vyasabwe na bwana Morsi, kiretse ahevye ububasha yihaye akanahagarika guhindura ibwirizwa shingiro.

Ababinenga bavuga ko yihutishije integuro y'ibwirizwa shingoro akoresheje umugwi ugizwe ahani n'abagira kw'idini rya Islam bamushigikiye, atabanje kwihweza neza ko uburenganzira bwa politike n'amadini bukingiwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.