Ghana: Abatavuga rumwe na leta bavuga ko amatora yibwe

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 21:05 GMT
Umwe mu bashigikiye abitoza muri Ghana

Umwe mu bashigikiye abitoza muri Ghana

Umugambwe utavuga rumwe na leta ya Ghana, New Patriotic Party (NPP), uvuga ko umugambwe uri ku butegetzi wumvikanye n'umugwi ujejwe amatora ngo bayibe.

Abashigikiye abatavuga rumwe na leta bashwiragijwe n'abapolisi mu gihe bari bakoraniye hanze y'ibiro vy'umugwi ujejwe amatora i Accra, batewe ivyuka bikoraza amasozi.

NPP yavuze mu rwandiko ko umugambwe uri ku butegetsi, National Democratic Congress, wivye amatora mu gihugu cose.

Umukuru w'umugambwe NDC, prezida John Mahama yari imbere gatoyi y'uwo bahiganwa aserukiye NPP, Nana Akufo-Addo, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Ghana.

Iradiyo Joy FM ivuga ko ikurikije bimwe mu vyavuye mu matora, bwana Mahama asa nk'uwuza kuronka 50% y'amajwi, bikamuha intsinzi ikwiye bidakenewe ko haba ingunga ya kabiri y'amatora.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.