Nelson Mandela ameze neza aho ari mu bitaro

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 16:14 GMT
Nelson Mandela

Nelson Mandela

Umukuru w'igihugu wa Africa y'epfo, Jacob Zuma, avuga ko yasuye bwana Mandela mu bitaro akavuga ko ameze neza, nyuma y'akaruhuko yagize mw'ijoro.

Umuvugizi wa bwana Zuma, Mac Maharaj yabariye BBC ko umukuru w'igihugu yijejwe ko bwana Mandela ariko aravugwa n'abantu babimenyereye ku bitaro vy'i Pretoria.

Mandela yinjiye ibitaro ejo kuwa Gatandatu agiye kugirirwa ibipimo.

Abanye Afrika y'epfo bari barindiriye amakuru y'amagara ya bwana Mandela, naho haza haraboneka ubutumwa buvuga ko ariko aratora mitende.

Bwana Mandela yajanywe kwa muganga ava mu hira iwe mu karere ya Qunu, mu ntara ya Cap y'ubuseruko.

Ibinyamakuru vyaho bivuga ko icemezo co kumujana kwa muganga cafashwe vuba cane ku buryo bamwe mu muryango wiwe hamwe n'ishirahamwe ryiwe batabimenye.

Ibiro vya bwana Zuma kuwa Gatandatu vyavuze ko bwana Mandela amerewe neza kandi ko ata mpamvu n'imwe yo kugira impungenge, ariko icatumye ajanwa mu bitaro nticamenyeshejwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.