Libya: Ubwongereza bwaramunyuruje?

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 17:27 GMT
Sami al-Saadi

Sami al-Saadi n'ubu aracarondera kwumva niba ubwongereza bwemera ko bwamunyuruje

Ubwongereza bwemeye kuriha amafaranga arenga milioni zitatu z'ama dollars umunye Libya yagwanya leta hamwe n'umuryango wiwe bavuga ko urwego rw'iperereza rw'ubwongereza MI6 rwagize uruhara mu kubakura aha babajana hariya kubasambisha.

Sami al-Saadi, umwe mu ndongonzi z'abarwanya intwaro ya Colonel Gaddafi avuga ko mu 2004, we n'umuryango wiwe burijwe ku nguvu indege yava muri Hong Kong ija muri Libya aho yafashwe agapfungwa akongereza akicwa urubozo.

Abashingwamanza biwe bavuga ko miyo ndishi irangije urubanza rwo kwitwarira Ubwongereza.Ariko n'ubu

al-Saadi avuga ko Ubwongereza butigeze bwishura ikibazo kimwe kandi gitomoye co kumenya niba bwaragize uruhara mw'inyuruzwa ryiwe hamwe n'umugore n'abana biwe babiri.

Ariko hari n'uwundi munyelibya yitwariye ubvwingereza ku birego nk'ivyo nyene. A

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.