Uburusiya: leta ya Syria ishobora gutsindwa

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 15:00 GMT
syria war

hamaze kwononekara vyinshi kuva intanbara itanguye

Uburusiya bwemeye ubwa mbere ku mugaragaro ko umukuru wa Syria Bashar al Assad ashobora gutembagazwa, ariko ntibwahinduye aho buhagaze mun kwemeza ko hakwiye umwumvikano.

Icegera ca ministre w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Mikhail Bogdanov yavuze ko ingabio za Syria ziguma zitakaza ibice vy'igihugu uko bukeye uko bwije ku buryo intsinzi y'abagwanya leta ataworeka kuyiyumvira.

Ariko umunyamakuru wa BBC ari i Moscou avuga ko aho Uburusiya buhagaze ku vyerekeye Syria hatahindutse, buguma bwemeza ko ugutembagaza presida Assad bizotuma ibintu biba nabi kuruta.

Mikhail Bogdanov yasubiye kwibutsa akamo k'uburusiya ko impande zompi zokwumvikana aca amenyesha ko uburusiya ubu buriko burategura ingene bwokura abantu babwo bari muri Syria igihe vyokenerwa.

Uburusiya busanzwe buha ibigwanisho leta ya Syria bwagumye buhagarika ingingo z'uko amakungu yotembagaza leta ya Syria.

Hagati aho hari ikibombe caturitse hafi y'umurwa mukuru wa Syria Damas cica abantu 16 haimwo abana 7.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.