Abari biteze umuhero w'isi ntawo babonye

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 15:44 GMT

Mu misa y'umuhero w'isi ya Maya

Umuhero wavurwa n'abakwirikira ikirangaminsi Maya wari witezwe isaha zitanu kw'isaha mpuzamakungu.

Ariko abari biteguriye kubona ivyavuzwe bishika imbere y'amaso yabo, ntavyo babonye.

Abasesangura ico kirangaminsi ca Maya bateganya mu bisanzwe ko hatangura ibihe bisha.

Abahinga bo mu kigo ca NASA muri leta Zunze Ubumwe za Amerika bo bavuga ko ivyari vyitezwe bidashingira ku bumenyi bushobora gusobanurwa.

Ahari hakoraniye benshi ni muri Mexque na Amerika yo hagati , ahari ibisigarira vy'ingoro z'abisunga iyo myemerere ya Maya.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.