Papa yaneguye ikimanga c'ubutunzi mu bantu

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa mbere, 2013 - 15:33 GMT

Papa kuri Noel

Papa Benedicto wa XVI yavuze ko ikimanga kiri hagati y'abakire n'abakene gituruka ahanini ku buryo bwo gutunganya ubutunzi kw'isi bwa Capitalism.

Ubu buryo butuma abantu ku giti cabo barekerwa uburenganzira bwo gutunganya ibijanye n'ubutunzi, kugena imishahara n'izindi mpembo, ibiguzi bigahinduka hakurikijwe uko ibigurishwa bironderwa na benshi canke bake.

Mw'ijambo ryiwe ryo guhimbaza umwaka mushasha, Papa yavuze ko hakenewe kugira igikorwa kugira ikimanga kiri hagati y'abakene n'abakire kigabanuke.

Eka n'impungenge z'iterabwoba, naco Papa yavuze kw'ari ikibazo gikwiye kwitwararikwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.