Papa yasavye guhagarika ubwicanyi muri Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa mbere, 2013 - 15:30 GMT
Papa Benedict wa kabiri

Papa Benedict wa kabiri

Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Benedict wa kabiri, yahamagariye amakungu guhagarika ico yise ubwicanyi butagira iherezo, Syria itaracika ubuyonga.

Mw'ijambo asanzwe ashikiriza abaserukiye ibihugu buri mwaka, Papa yavuze ku mubabaro w'abanyagihugu bo muri Syria, asaba ko hoba ihagarikwa ry'imirwano hakaba ibiganiro.

Ibi Papa abivuze nyuma y'umunsi umwe umukuru w'igihugu wa Syria, Bashar al-Assad ashikirije ivyokorwa ngo haze amahoro ariko akavuga ko ata biganiro ashaka n'abamurwanya.

Irani yakiriye neza ivyavuzwe na Assad ariko Abarabu hamwe na leta za Buraya zishigikiye abamurwanya, zaravyiyamirije.

Umuryango mpuzamakungu ugereranya ko abantu ibihumbi mirongo itandatu bamaze gusiga ubuzima mu mirwano muri Syria.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.