DRC:amasezerano y'uruhande rumwe ya M23

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa mbere, 2013 - 19:12 GMT

Umukuru w' intumwa za M23 mu biganiro vya Kampala Francois Rucogoza

Umurwi urwanya leta ya Congo M23 watangaje ko uhagaritse intambara imbere yo gutangura ikindi kiringo c'ibiganiro vy'amahoro na leta ya Congo.

Mu kiganiro yatangiye iKampala muri Uganda umuvugizi w'abo barwanyi Francois Rucogoza yavuze ko bazobandanya n'ibiganiro n'aho leta yanse gushira igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara nabo.

Abarwanyi ba M23 bakomeje gusaba leta gushira igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara imbere yo gukomeza ibiganiro.

Ibiganiro vyo mu kwezi guheze vyari mu ntumbero yo kurangaiza inzira y'intambara abo barwanyi bamazemwo amezi icenda

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.