"Igice c'imfungurwa zimbuka k'isi zitabwa zitariwe"

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa mbere, 2013 - 14:42 GMT
Kwonona ibifungurwa

Kwonona ibifungurwa

Icigwa gishasha cerekana ko hagati ya 30 na 50 kw'ijana y'ibifungurwa vyimburwa kw'isi bitabwa bitariwe.

Ikigo The Institution of Mechanical Engineers in Britain, kivuga ko gusoroma nabi, ububiko bubi hamwe n'ukwinenaguza kw'abantu ari ibintu nyamakuru bituma ibifungurwa vyononwa gutyo.

Ico cigwa kivuga ko igice c'ibifungurwa bigurwa i Buraya no muri leta zunze ubumwe za Amerika bitabwa bikigurwa.

Abakoze ico cigwa bavuga ko mu gihe uguhumana kw'ikirere kuzokwiyongera imiriyaridi zitatu gushika mu mpera z'uno mwaka, ngo hakenewe umugambi wo kugabanya kwonona ibifungurwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.