Mali: Igisirikare gihanganye n'abarwanya leta

Ibiherutse kuvugururwa: 10 ukwa mbere, 2013 - 11:52 GMT
Inama yo kwiga kurungika abasirikare muri Mali

Inama yo kwiga kurungika abasirikare muri Mali

Amakuru ava muri Mali avuga ko ku nshuro ya mbere igisirikare cakuye abarwanyi ba ki Islam muri bimwe mu bice bigaruriye kuva mu mwaka uheze mu buraruko bw'igihugu.

Umwe mu begeranye n'abashizeko leta mfatakibanza iriho ubu yabariye BBC ko abasirikare basubiranye umuji ukomeye wa Douentza, uri hagati y'igice kigenzurwa na leta hamwe n'uburaruko bwa Mali.

Ariko gushika ubu nta ruhande ataho rwegamiye ruremeza ayo makuru.

Abarwanyi ba ki Islam bari bigaruriye uwo muji mu kwezi kw'Icenda mu mwaka uheze.

Hariko harategurwa umugambi wo kurungika muri Mali inteko z'abasirikare mpuzamakungu muri uno mwaka, zikaja kugerageza kwirukana abo barwanyi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.