Ubufaransa burataka amakungu gufasha Mali

Ibiherutse kuvugururwa: 14 ukwa mbere, 2013 - 17:45 GMT

Indege z'abaransa zivuye mu gitero muri Mali 13/01/13

Umushikiranganji Laurent Fabius avuga ko Ubufaransa butazokwemera ko Mali iba ubwihisho bw'abakora iterabwoba.

Mu gihe inama nkuru y'umutekano kw'isi yimirije inama ku kibazo c'intambara muri Mali, bwana Fabius avuga ko Ubufaransa budashobora kwihariza ikibazo c'umutekano wa Mali.

Yatanze ingingo zoshobora gufsha kwihutisha kujana ingabo z' ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika muri Mali.

Hagat'aho mu gihugu, abarwanyi bamaze gufata umuji wo hagati wa Diabaly.

Leta y'Ubufaransa ivuga ariko ko ibitero vyo mu kirere bimaze kwirukana abo barwanyi b'aba islam basubiye mu buseruko.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.