Umushikiranganji Kavakure muri BBC

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa mbere, 2013 - 14:54 GMT
Umushikiranganji w'u Burundi ajejwe imigenderani Laurent Kavakure

Umushikiranganji w'u Burundi ajejwe imigenderani Laurent Kavakure

Umushikiranganji w'u Burundi ajejwe imigenderanine no gufashanya n'amakungu, Laurent Kavakure, yagendeye BBC mu nyubakwa nshasha iheruka kwimukiramwo i Londres.

Abajijwe ikimugenza mu Bwongereza, umushikiranganji Kavakure yavuze ko aje mu rwego rwo gukomeza ubushuti n'Ubwongereza, igihugu gisanzwe gifasha u Burundi muri vyinshi.

Bwana Kavakure yavuze ko kimwe mu bintu nyamukuru u Bwongereza bufasha u Burundi ari ugutunganya ikigo kijejwe gutoza amakoli n'amatagisi, OBR.

Ngo Ubwongereza buterera ibikoresho OBR ikoresha hamwe n'ikarishabwenge ry'abakozi bayo.

Yabandanije yemanga yuko kuva OBR itanguye gukora, u Burundi buri mu bihugu bivugwa ko gutoza ikori bigirwa neza bikaninjiza amahera menshi muri leta.

Umushikiranganji Kavakure kandi yavuze ko OBR yatumye igiturire carangwa ku ma douane kigabanuka cane.

Ikindi naco u Bwongereza bufasha u Burundi ni mu rwego rwo guhagararira amaho muri Somalia mu mugwi AMISOM, mu kurusonsa abasirikare b'u Burundi ibikoresho.

Igiturire n'ubukene

Mu gihe u Burundi bushirwa n'ikigo Transparency International mu bihugu vya mbere birangwamwo igihugu kandi bukaba muri bitatu vya mbere bikenye cane kw'isi, umushikiranganji Kavakure yavuze ko atemeranya n'ivyo biharuro.

Ngo ku bijanye n'igiturire, intambwe iramaze guterwa naho hakiri vyinshi vyo gukora, akarero akavuga amahinduka ikigo OBR cazanye.

Nayo ku bijanye n'ubukene, ngo kuvuga ko u Burundi buri mu bihugu vya mbere bikenye kw'isi ntibikiri vyo ngo kuko kiri mu vya mbere ubutunzi bwiyongera cane.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.