Tony Blair: Ntawugomba kumbwiriza kwiyamiriza Kagame

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa mbere, 2013 - 15:27 GMT
Tony Blair

Tony Blair

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Tony Blair, yabariye BBC ko atacumva abamubwira ivyo akora, ngo yumviriza umutima wiwe akamenya ico akora.

Paul Rusesabagina, umukuru w'ishirahamwe Hotel Rwanda Rusesabagina Foundation, aheruka kwandikira Tony Blair amusaba kubwiriza umukuru w'u Rwanda Paul Kagame guhagarika gufasha abarwanya leta ya Kongo.

Mw'iryo kete ryuguruye, bwana Rusesabagina asaba Tony Blair kubwira Kagama, nk'umuntu bafitaniye ubucuti igihe kire kire, guhagarika ibikorwa vyiwe muri Kongo ngo kuko bihitana abantu benshi bazira ubusa.

Ikibazo kiraba Kongo

Tony Blair abajijwe ico avuga kuri ivyo asabwa na Rusesabagina yagize ati: "Haciye igihe kitari gito nize yuko ntagomba kumviriza abambwiye ngo gira iki, nkaca ngira uko nyene.

"Ubu numviriza umutima wanje nkiweza ubwanje ibintu uko bimeze, nkabona kugira ico nkora canke ico mvuga."

Bwana Blair yabandanije agira ati: "Ushobora guharira ku vyandikwa n'abahinga ba ONU ku Rwanda, ugaharira ku wuvuga ukuri canke ku wubesha.

"Ico udashobora guharirako, ni uko u Rwanda ari igihugu cakuye mu bukene abantu umuriyoni, gifise ubutunzi bukomeye kikagira kandi inzego zikora hamwe n'umukuru w'igihugu azi ico arondera."

Tony Blaire avuga kandi ko ikibazo ca Kongo kigoye kurusha uko abantu bibaza, ngo kandi ni ikibazo kiraba ubwa mbere igihugu ca Kongo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.