Algeria:abapfuye bashobora kuba ari benshi

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa mbere, 2013 - 16:11 GMT

ifoto y'abafashwe ingwati muri Algeria bategetswe gushira amaboko hejuru

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru wa Algeria Al Sa'eed yavuze ko abari bagizwe ingwati b'abanyamahanga 23 bimaze kumenyekana ko bahasize ubuzima.

Ariko ngo igitigiri ca nyuma c'abapfuye kiramenyekana hanyuma kur'uno mugoroba.

Ibinyamakuru vya Algeria bitangaza ko hari ibindi biziga vyatowe, ariko ivyo ntibiremezwa n'abategetsi.

Abasirikare baracariko bararondera mur'ico kibanza imitego canke abandi bantu boba barishwe n'abarwanyi bari bahafashe.

Leta ya Algeria ivuga ko abarwanyi 32 bishwe igihe ingabo zigaba igitero co kubohoza abari bagizwe ingwati, baturuka mu bihugu bitandatu.

Umurwanyi w'intagondwa y'umu islam w'umunya Algeria akekwa ko ariwe yagomoye ico gitero--Mokhtar Belmokhtar--bivugwa ko yiyemereye ko ari inyuma yaco.

Ivyo yabivuze mu butumwa bwo muri video yashizwe ku rubuga rwa interenet rw'ikinyamakuru Sahara Media co muri Mauritania.

Mur'iyo video, Mokhatar Belmokhtar asaba kw'igikorwa c'ingabo mvamakungu ziriko zifasha Mali gihagarara, akavuga ko ari umuyoboke wa Al Qaeda.

Sahara Media ivuga kw'iyo video yafashwe ku munsi wa gatatu igihe abo barwanyi bari bacugarije ikibanza ca Gaz ca Amenas

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.