Iyimikwa rya perezida Barack Obama

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa mbere, 2013 - 15:12 GMT

Ifoto ya President Obama yimikwa mu 2009

Ibwirizwa nshingiro rya Leta zunze Ubumwe za Amerika risaba ko umukuru w'igihugu arahira kuwa 20 z'ukwa mbere.

Ariko kubera uyo munsi ushitse ari kuw'Imana, perezida Obama azosubiramwo indahiro ejo ku munsi wa mbere mu birori bikuru.

Hakurikijwe imigenzo, icegera c'umukuru w'igihugu Joe Biden niwe atangura kurahira.

Arahira imbere y'umucamanza wa sentare nkuru Sonia Sotoyamor

Perezida Obama na bwana Biden bompi bazosubiramwo indahiro zabo ejo kuwa mbere, bari imbere y'isinzi ry'abantu mu kibanza c'amakoraniro imbere y'inama nshingamateka washington DC

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.