Itohoza mpuzamakungu ku bishwe na drones

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa mbere, 2013 - 13:39 GMT

Indege yo mu bwoko bwa drone

Ibitero vy'indege zo mu bwoko bwa drones bigiye gukorwako itohoza birimwo ivyagabwe mu bihugu vya Pakistan, Afghanstan, Somalia na Yemen.

Umunyamategeko w'Umwongereza ayoboye umurwi ujejwe iryo tohoza Ben Emmerson, avuga ko uzotohoza ku bitero bigera ku 25, harimwo icagabwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuri Pakistan mu 2011.

Ico gitero kivurwa ko cahitanye abanyagihugu basanzwe bagera ku 40.

Bwana Emmerson avuga ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitigeze zihakana korohereza abakora itohoza.

Yongeyeko ko ari itegeko hisunzwe amasezerano yubahiriza kiremwa muntu, gukora amatohoza ku bikekwa ko ar'ivyaha vyo mu ntambara.

Abajejwe gukora iryo tihoza bazoshikiriza icegeranyo cabo inama ya bose y'ishirahamwe mpuzamakungu mu kwezi kw'icumi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.