Sentare mu Misiri yakatiye abagiriwe n'ubwicanyi i Port Said

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa mbere, 2013 - 11:36 GMT
Imyiyerekano imbere y'ibohero i Port Said

Imyiyerekano imbere y'ibohero i Port Said

Sentare mu Misiri yakatiye urwo gupfa abantu mirongo ibiri n'umwe kubera ubwicanyi bwahitanye abantu 70 ku mupira w'amaguru mu muji wa Port Said mu mwaka uheze.

Havugijwe impundu muri sentare igihe urwo rubanza rwasomwa.

Ariko haciye haduka akaguma hagati y'imiryango y'abapfuye hamwe n'abashigikiye abahamwe n'icaha, hafi y'ibohero rya Port Said aho abo bantu bari bafungiye.

Abantu bashika umunani bishwe harimwo abapolisi babiri, abandi bantu bashika ku mirongo itanu nabo barakomereka.

Ubwo bwicanyi bwadutse nyuma y'urukino rw'umupira w'amaguru hagati y'umugwi wa Port Said n'uwundi wari wavuye i Cairo, mu mwaka uheze.

Igipolisi caridogewe cane cagirizwa ko ataco cakoze ngo kibuze ubwo bwicanyi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.