Patrice Motsepe agire ahe abakene igice c'umutungo wiwe

Ibiherutse kuvugururwa: 30 ukwa mbere, 2013 - 14:00 GMT
Isanamu yo mu 1994 yerekana umupfasoni atagira aha aba muri Afrika y'epfo

Abakene bo muri Afrika y'epfo baraje ishinga umutunzi Patrice Motsepe

Umwirabura wa mbere atunze kurusha abandi muri Afrika y'efo, Patrice Motsepe, agiye gutanga igice c'umutungo w'umuryango wiwe akurikije irugero rwa Bill Gates na Warren Buffett.

Bwana Motsepe, ni umutunzi akomeye yimba ubutare, akaba afise umutungo ungana n'imiriyaridi zibiri n'igice z'amadolari.

Amahera ashaka gutanga ashaka ko bayashira mu kigega kizofasha gusununura ubuzima bw'abakene bo muri Afrika y'epfo.

Abatunzi bakomeye kw'isi barenga mirongo indwi baramaze kuja mu mugambi watangujwe na bwana Gates hamwe na bwana Buffett, wo gusaba abakire bo kw'isi ngo batange igice c'umutungo wabo ku mashirahamwe y'abagiraneza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.