Abanye Kongo 19 bafatiwe muri Afrika y'epfo

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa kabiri, 2013 - 17:14 GMT
Abarwanyi muri Kongo

Abarwanyi muri Kongo

Igipolisi ca Afrika y'epfo cafashe abanye Kongo bakekwa kuba ari abarwanyi bakaba bari mu buraruko bw'igihugu.

Nk'uko bivugwa n'igipolisi ca Afrika y'epfo, abagabo cumi n'icenda bava muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bafashwe mu gitondo c'uno munsi, bafatirwa i Limpopo, intara iri mi buraruko bwa Afrika y'epfo.

Ntibiramenyekana neza ico uwo mugwi w'abanye Kongo wakora muri Afrika y'epfo, ariko ifatwa ryabo bivugwa ko rije nyuma y'amezi igipolisi kibarereka.

Umwe mu bihweza utuntu n'utundi mu vy'igisirikare yavuze ko imbibe za Afrika y'epfo zitugaye neza, ngo ariko yatangajwe n'ubwinshi bw'abo bantu bafashwe.

Gutembagaza prezida Kabila

Abajejwe igipolisi bavuga ko abo bafashwe bari bafise umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bw'umukuru wa Kongo, Joseph Kabila.

Umuvugizi wa leta ya Kongo yavuze ko bitaramenyekana neza nimba abo bafashwe bakorana n'umugwi M23 urwanya leta ya Kongo, watanguje ibitero mu buseruko bwa Kongo mu mwaka uheze.

Abo banye Kongo bazoca bajanwa imbere ya sentare i Pretoria, bagirizwa kurenga kw'itegeko ribuza ibikorwa vya gisikare ku banyamahanga, rigamije gukumira ibikorwa vy'ubucangero.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.