Burundi: Abana boba bakingiwe amabi yo kuri internet

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa kabiri, 2013 - 15:38 GMT
Umutekano w'abana kuri internet ntukwiye mu Burundi

Umutekano w'abana kuri internet ntukwiye mu Burundi

Mu gihe mu Burundi ubuhinga bwa internet buriko buratera imbere, hatanguye kwibazwa vyinshi mu bijanye n'umutakano w'abana kuri zimwe mu mbuga za internet.

Mu gihe ubuhinga bwa none buguma butera imbere, niko abantu babuhurumbira mu gutumatumanako canke mu bushakashatsi.

Ariko kandi n’abana bakiri bato bashobora kubukoresha neza canke nabi.

Umwigeme w’imyaka cumi n’indwi, yaganirye na BBC, avuga ko araba urubuga internet ngo akore ivyo bamutumye kw’ishule.

Ariko abana bose ntibabigenza uko; umwe mu bavyeyi nawe yavuganye na BBC avuga ko ubwo buhinga busigaye buri no ma telephone ngendendanwa, amaze kwibonera ko bukoreshwa nabi.

Uwo muvyeyi yagize ati: "Umuhungu wanje w'imyaka 15 narabona ko akuze, akwiye telefone kugira ndamuronke igehe nkeneye kumuvugisha atari hafi.

"Ariko rimwe naragendereje ngo ndabe ivyo aba ariko arayikoresha, negereye ngo ndabe aca arayubika, mbonye ivyo yariko araraba naciye ndayimwaka."

Aho abantu bashobora kuriha ngo baje ku rubuga internet (cybercafé) BBC yashitse, bavuga ko bandika ku machine zabo ko bibujijwe kuraba imbuga za internet zimwe zimwe na cane cane izerekana ibiteye isoni.

Abandi nabo bavuga ko babonye ari umwana, baja baragenzura ivyo ariko arakora.

Hari abagerageza kuzitira

Ariko hariho n'abashizeho uburyo bwo kubuza abana kuraba ivyari vyo vyose bitabereye.

Herve Mbonihankuye wo muri cyber café ya poste yagize ati: "Twebwe hariho imbuga zimwe zimwe tuyoberanya, bazigiyeko ntibikunde.

"Turamaze kuyoberanya imbuga nyinshi zitabereye ku buryo bazigiyeko bidakunda, cane cane iyo ari abana."

Haba mu kigo kijejwe kugenzura itumatumanko ARCT, haba mu gipolisi kijejwe imico n’akararanga, bavuga ko ivyo gukingira abana ivyobahumbisha biciye ku rubuga internet bidashemeye.

Itegeko ryo muri 1997 rigenga itumatumanako ngo ryibanze cane cane ku kugururira ico gisata abikorera utwabo kuko cari ciziziwe n’ishirahawe rya reta, ariko ivyo gutegekanya gukingira abakiri bato ntavyo bashizemwo.

Mu gipolisi kijejwe imico n’akaranga naho ngo gushika ubu bagenzura abereka abana amareresi ateye isoni ariko ntibaragenzura ibica ku rubuga internet.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.