Tunisia: Hamadi Jebali ashaka kwegura

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa kabiri, 2013 - 17:25 GMT
Hamadi Jebali

Umushikiranganji wa mbere wa Tunisia

Umushikiranganji wa mbere wa Tunisia, Hamadi Jebali yavuze ko ari bwegure ku mabanga ye niba batemeye umugambi we wo guhindura leta.

Uwo mugambi yawutangaje bwa mbere kuwa gatatu nyuma yaho biciye umuyobozi w'abatavuga rumwe na leta Chokri Belaid bigatuma haduka imyigaragambyo.

Ariko abandi bo mw'ishyaka riri ku butegetsi rya Ennahdha banze icyo cyifuzo.

Ibihumbi n'ibihumbi by'abayisilamu byakoze imyiyerekano i Tunis ku murwa mukuru byerekana ko bishyigikiye ishyaka rya Ennahdha.

Kuwa gatanu ibihumbi amajana by'abatavuga rumwe na leta byitabiriye imihango yo gushyingura Belaid, birega ishyaka rya Ennahdha ko ariryo ryamwishe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.