Urudandazwa hagati ya Bulaya na Amerika

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa kabiri, 2013 - 17:45 GMT

Obama atangaza ko bagiye kuganira n'ishirahamwe rya Bulaya

Ibiganiro hagati y'ishirahamwe rya Bulaya na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku kwagura urudandazwa biteganya gutangura mu kwezi kwa gatandatu.

Intumbero yabo ngo n'ukugabanya amakori n'ayandi mategeko mu buryo vyokoroha guhanahana ibidandazwa muri rusangi.

Umukuru w'inama y'ishirahamwe rya Bulaya, Jose Manuel Barroso, yavuze ko ayo masezerano agiye guhindura ibintu ku buryo urudandazwa rwiyongera ko miliyoni ziharurwa mu mirongo z'amadorari.

Ngo bizotuma kandi haboneka ubuzi bushasha buharurwa mu bihumbi ku mpande zompi.

Ariko umunyamakuru wa BBC akurikirana ivy'ishirahamwe rya Bulaya avuga ko ikizobagora kumvikanako ari ikijanye n'uburimyi.

Impamvu ngo n'uko izo mpande zompi zikingira cane igisata c'uburimyi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.