Umukuru wa Venezuela yatashe mu gihugu

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa kabiri, 2013 - 14:11 GMT
Hugo Chavez

Imwe mu mafoto yaheruka gusohoka Chavez ari kumwe n'abakobwa biwe

Umukuru wa Venezuela Hugo Chavez yatangaje ibicishije ku buryo bwo guhanahana amakuru Twitter ko yasubiye mu gihugu.

Chaveze yanditse kuri Twitter ati:

''Twasubiye gushika mu gihugu catuvyaye ca Venezuela. Imanza yanje ishimwe. Tugiye kundaniriza ngaha gufata imiti''.

Chavez yari amaze igihe muri Cuba aho yakozwe ku ndwara ya Cancer ubugira kane mu mezi cumi n'umunani.

Mu minsi itatu iheze, leta ya Venezuela yari yasohoye amafoto ya Chavez yicaye mu gitanda ariko arasoma ikinyamakauru c'uwo munsi.

Hugo Chavez yashitse ku butegetsi mu 1989 yaheruka gusubira gutorerwa ikiringo c'iyindi myaka itandatu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.