Africa y'Epfo: ANC ironse mukeba

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa kabiri, 2013 - 13:49 GMT
ramphela

Dr Ramphela yarakundana na Steve Biko

Umwe mu bantu bo muri Africa y'Epfo b'imboneza mu kurwanya intwaro y'ivangura y'abazungu ya apartheid Dr Mamphela Ramphele yashinze umugambwe ugamije kutavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi African National Congress ANC.

Umukuru wa Africa y'Epfo Jacob Zuma ari nawe mukuru wa ANC hari abamaze kugeregeza akatari gake kugira bamukure ku butegetsi bw'umugambwe ariko bikannka n'ubwo hakomeje kuvugwa ibibazo vy'igiturire, ubusumbane bukabije mnu buryo abantu babayeho, hamwe n'urugero ruri hejuru cane y'abakiri bato batagira akazi.

Dr Ramphele afise imyaka 65 y'amavuko yigeze kuba ari umutegetsi muri Banki y'isi yose akaba yanigeze kuba akundana na Steve Biko yapfuye agandaguwe, bakaba bafitaniye umwana w'umuhungu. Yarakoranye hafi cane na Nelson Mandela.

Umugambwe wiwe Agang-iryo zina rivuga kwubaka-ushobora kuba umwe mu migambwe ikomeye cane ishobora guhangana na ANC usanzwe ariwowari wiganje muri politike yo muri Africa y'Epfo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.