A.Wenger arahakana kwongerwa imyaka 2

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa kabiri, 2013 - 18:11 GMT
Arsene Wenger

Arsene Wenger arahakana ko agiye kwongerwa imyaka ibiri muri Arsenal

Umumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger yahakanye yivuye inyuma ibivugwa ko yoba yimirije kwogerwa ikiringo c'imyaka ibiri muri Arsenal.

Uwo mugabo w'imyaka 63 yerekanye ko ico kibazo kimushavuje mu kiganiro yahaye abanyamakuru ku rukino rwa Champions League rwo ku wa gatatu ruzohuza Arsenal na Bayern de Munich.

Arsenal yakuwe mw'ihiganwa ry'igikombe FA Cup itsinzwe Blackburn ku wa gatandatu bisigura ko kubandanya ihiganwa rya Chanpions League ariyo nzira yonyene isigaye uwo mugwi ushobora kuronderamwo igikombe muri iki kiringo.
Yanashavuye bamubajije ku rukino yatsinzwe mu gikombe ca FC Cup.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.