Pistorius:umukuru w'itohoza nawe ntiyera

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa kabiri, 2013 - 13:02 GMT
Oscar Pistorius

Oscar Pistorius ari muri sentare umunsi ugira gatatu

Uwurongoye ibikorwa vy'itohozwa mu rubanza rw'ubwicanyi rw'umunonotsi Oscar Pitorius wo muri Africa y'Epfo vyamenyekanye ko nawe ariko arakurkiranwa ku vyaha vyo kugeregeza kwica.

Ivyo vyaha bijanye n'ukurasa haraheze imyaka ibiri. Ibirego vyari vyabanje guhebwa ariko bija gusubira kuvyurwa muri uku kwezi kwa kabiri-imbere y'uko Pistorius afatwa akagirizwa kugandagura umukobwa bakundana Reeva Steenkamp.

Ntibaramenyekana niba uwo mupoilisi Hilton Botha agiye kuzoca avanwa kuri urwo rubanza. Pistorius uno munsi ari muri sentare ku munsi ugira gatatu mu ntahe yo gusaba ko yoburana atari mu munyororo.

Hagati aho kompanyi ikora imnpunzu n'ibirato vy'abanonora imitsi Nike yahagaritse ivyo yahora ifasha Pistorius.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.