Rwanda:283 batorotse ingabo 'baragororerwa' Iwawa

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa kabiri, 2013 - 17:04 GMT
Rwanda

Abari iwawa bavuga ko bahorwa gutoroka Ingabo z'Urwanda

Abategetsi mu gisirikare c'Urwanda baremera ko hari abantu barenga 280 bajanye ku kirwa ca Iwawa mu Kiyaga ca Kivu aho 'bariko baragororwa' kubera 'imyitwarire mibi cane cane yo kuva ku kazi'.

Vyemezwa n'umuvugizi w'Ingabo z'Urwanda General de Brigade Joseph Nzabamwita.

Umwe muri abo yabwiye BBC ko agira akwize umwaka ari ngaho Iwawa aho yajanwe we n'abo bari kumwe bari amaze ikindi gihe bapfungiwe mw'ibohero rya Mulindi.

Avuga ko babahungisha ko abo mu muryango utabara imbabare Croix Rouge baja kubaraba.

Yavuze ko bamaze imyaka myinshi bapfunzwe ata rubanza baciriwe kandi baterekuriwe ko hagira uja kubaramutsa.

Umuvuzi w'ingabo z'Urwanda General de Brigade Joseph Nzabamwita yemeza ko bariko baragororwa kandi ko badapfunzwe, mbere ko na BBC ishatse yoja kubaraba kuri ico kirwa ca Iwawa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.