Hollande: Guhiga abarwanyi muri Mali biri ku ntambwe ya nyuma

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa kabiri, 2013 - 19:02 GMT
Umukuru w'igihugu w'Ubufaransa, Francois Hollande

Umukuru w'igihugu w'Ubufaransa, Francois Hollande

Umukuru w'igihugu w'Ubufaransa, Francois Hollande, yavuze ko abasirikare b'Ubufaransa muri Mali bari ku ntambwe ya nyuma mu guhiga abarwanyi ba ki Islam mu misozi binyegejemwo.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, bwana Hollande yanakeje abasirikare ba Chad ku kuntu bahanganye n'abarwanyi mu buraruko bwa Mali.

Abasirikare ba Chad cumi na batatu baguye mu mirwano ikomeye kuwa Gatanu; abarwanyi mirongo itandatu na batanu nabo nyene baguye muri iyo mirwano.

Abasirikare ibihumbi bibiri ba Chad barungitswe muri Mali mu mugwi warungitswe n'umuryango w'ubumwe bwa Afrika.

Abo basirikare vyitezwe ko basubirira Abafaransa nibava muri Mali mu kwezi kuza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.