Koffi Annan asaba abanye Kenya kwisubirako

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa kabiri, 2013 - 13:03 GMT
Koffi Annan

Koffi Annan

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU, Koffi Annan, yasavye abanye Kenya kwigumya ngo amatora yimirije ntaze abemwo ubwicanyi.

Mw'ikete ryashizwe ahabona yavuze ko uruhagarara rubandanya kwiyongera imbere y'amatora, ruteje umwitwarariko.

Bwana Annan yarafashije cane mu gushika ku mwumvikano wahagaritse ubwicanyi nyuma y'amatora yo mu 2007.

Kuwa Gatanu igipolisi ca Kenya cavuze ko catoye inzandiko zitagira umukono zihamagarira abantu gucanamwo, ziriko ziratangwa mu bice bitandukanye vy'igihugu.

Amatora y'umukuru w'igihugu azobamwo uguhiganwa gukomeye cane hagati y'umushikiranganji wa mbere Raila Odinga na Uhuru Kenyatta.

Kenyatta yagirizwa na sentare mpuzamakunkungu mpanavyaha kugira uruhara mu bwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007, aho abantu barenga igihumbi bahasize ubuzima.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.