Ibihugu vy'akarere vyumvikanye guheza imirwano muri Kongo

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa kabiri, 2013 - 11:02 GMT
Abarwanyi ba M23 igihe bava mu muji wa Goma mu mwaka uheze

Imigwi yitwaje ibirwanisho muri Kongo izorwanywa n'inteko nshasha za ONU

Abakuru b'ibihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini bashize umukono ku masezerano agamije guhagarika imirwano muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Uwo mwumvikano washitsweko babifashijwemwo n'umuryango mpuzamakungu ONU, ugamije guheza imirwano hagati y'imigwi yitwaje ibirwanisho na leta ya Kongo mu buseruko bw'igihugu.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon, yavuze ko yizera ko uwo mwumvikano uzozana amahoro n'umutekano mu karere.

Ayo masezerano kandi ashirako inteko z'abasirikare mpuzamakungu bari mu rwego rwa ONU, bazoba bajejwe gusa guhangana n'imigwi y'itwaje ibirwanisho iri mu buseruko bwa Kongo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.